Pages

Thursday 24 October 2013

Reta Y’Ubumwe Muri Congo, Izoshingwa Vuba


Reta Y'Ubumwe Muri Congo, Izoshingwa Vuba

Joseph Kabila , president w'igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi

Joseph Kabila , president w'igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi

President wa Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, Joseph Kabila yatangaje kw'azoshinga reta y'ubumwe, izogarukana umutekano mu gihugu.

Mw'ijambo yashikirije inama nshingamateka uyu musi ku wa gatatu, yavuze kw'iyo reta y'ubumwe izoshingwa vuba, kandi kw'izoba irimwo abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe na reta hamwe n'abo muri societe civile.

President Kabila yavuze kw'azofata ingingo zizokwisunga ivyiyumviro birenga 600 vyashikirijwe na reta; abatavuga rumwe na reta hamwe n'abahurikiye muri societe civile, bamaze indwi zitatu bari mu biganiro mu kwezi guheze.

Yavuze ko mu bintu reta yiwe izoshira ku rutonde rwa mbere, hazoba harimwo kugarukana amahoro hamwe n'ukunagura ukuntu abanyagihugu babayeho.

Igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, kiri ku rutonde rwa nyuma rw'ibiro vy'ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe iterambere ry'umunyagihugu.

Intara zo mu buseruko bwa Congo, zarasinzikajwe n'ingwano zimaze imyaka itari mike: Izo ngwano zarakuye mu zabo abanyagihugu baharurwa mu maliyoni.

No comments:

Post a Comment

Note: only a member of this blog may post a comment.

“Uwigize agatebo ayora ivi”. Ubutegetsi bukugira agatebo ukariyora uko bukeye n’uko bwije.

"Ce dont j’ai le plus peur, c’est des gens qui croient que, du jour au lendemain, on peut prendre une société, lui tordre le cou et en faire une autre."

“The price good men pay for indifference to public affairs is to be ruled by evil men.”

“The hate of men will pass, and dictators die, and the power they took from the people will return to the people. And so long as men die, liberty will never perish.”

“I have loved justice and hated iniquity: therefore I die in exile."

KOMEZA USOME AMAKURU N'IBITEKEREZO BYA VUBA BYAGUCITSE:

RECOMMENCE

RECOMMENCE

1.Kumenya Amakuru n’amateka atabogamye ndetse n’Ibishobora Kukugiraho Ingaruka ni Uburenganzira Bwawe.

2.Kwisanzura mu Gutanga Ibitekerezo, Kurwanya Ubusumbane, Akarengane n’Ibindi Byose Bikubangamiye ni Uburenganzira Bwawe.