Pages

Wednesday 6 May 2015

[amakurunamateka.com] Burundi: Kiliziya irahamagarira kwitabira amatora

 



On Wednesday, 6 May 2015, 20:14, "Anastase Gasana gasana31@gmail.com [fondationbanyarwanda]" <fondationbanyarwanda@yahoogroupes.fr> wrote:


 
Michel Niyibizi,
Ni byo aba bashumba ba Kiriziya Gatolika mu Burundi batanze ubutumwa ku Barundi bose bwiza butabogamye. Abarwanya Nkurunziza nibazane umucandidat wabo abangikane na Nkurunziza maze demokarasi ishingiye ku matora adafifitse ikemure impaka; kuko birazwi ko kimwe mu byo baziza Nkurunziza ni uko ari populaire cyane mu baturage bose b'i Burundi, baba abahutu baba n'abatutsi kuko ise yari umuhutu wishwe muri genocide yakorewe abahutu i Burundi mu 1972 ikozwe na UPRONA, nyina akaba umututsikazi. Ni bi-ethnical, yavuye muri marriages mixtes bityo abatutsi b'abahezanguni b'i Burundi n'abo muri FPR yo mu Rwanda bakaba batamwihanginira kuko kuri bo, aza kubavangira. Ngirango wabashije gukurikirana ukuntu FPR irwanya marriages mixtes Hutu/Tutsi na Tutsi/Hutu mu Rwanda rwayo. Inyangamugayo Pasteur Rutayisire Antoine yabitanzemo ubuhamya mu 2014 igihe yavuguruzaga General Kabarebe wari wavuze mbere ye ngo ibibazo by'amoko abanyarwanda barangije kubirenga. Kagame na FPR ye na DMI ze n'abatechniciens be nibahagarike kwivanga mu bibazo by'u Burundi. Ibyo wa mutwakazi w'umurundikazi aherutse gutangamo ubuhamya mu kinyamakuru bw'ibyo yabonye anabyuma ko ngo hari abantu baza bakabwira "abafite amazuru asongoye ngo nibihutire vuba guhungira mu Rwanda ariko abafite amazuru abwataraye ntibagire icyo bababwira", biragaragaza ko abatechiniciens ba FPR/DMI barangije gucengera mu Burundi.CNDD-FDD ikeneye gukanguka igafata ingamba zihamye ifatanIje n'abaturage b'abarundi bose maze bakirukana abanyarwanda b'abatechniciens ba Kagame na FPR na DMI bagiye gutera akaduruvayo mu gihugu cy'u Burundi bitwaje ngo hariyo FDLR kandi atari byo ahubwo barajyanyweyo no gusubizaho ubutegetsi bw'abatutsi budasangiwe bumeze nk'uburi mu Rwanda. (Gasana Anastase, umuyobozi wa PRM/MRP-ABASANGIZI, ishyaka ry'imberabose rigamije gusangiza abanyarwanda bose ibyiza by'igihugu cyabo ntawe uhejejwe inyuma y'urugi).

2015-05-06 13:25 GMT-04:00 Michel Niyibizi niyimike@yahoo.fr [Democracy_Human_Rights] <Democracy_Human_Rights@yahoogroupes.fr>:
 
Iri tangazo riruziye kandi ntaho ribogamiye! Rirasaba impande zose gukora ibishoboka byose kugirango amatora abe mu mutekano no mu mahoro! 
Aba Bakuru ba Kiliziya Gatolika bashishoje mu nyandiko no mu butumwa bwabo!

Michel.



Le Mercredi 6 mai 2015 18h03, "itwagira71 itwagira71@gmail.com [Democracy_Human_Rights]" <Democracy_Human_Rights@yahoogroupes.fr> a écrit :


 

EvêqueBakristu dusangiye ukwemera, Barundi,
Barundikazi mwese,
Nitugire amahoro ya Kristu, Umwamiw'amahoro. 
1. lbihe tugezemwo ni ibihe bihambaye kandi vy'ukwitondera. Hasigaye iminsi mike kugira ngo dushikire isango ry'amatora ya mbere. Amatora na yo akaba ari igihe gihambaye mu buzima bw'igihugu cinjiye mu ntwaro rusangi. Tugeze kandi mu gihe urwaruka ruri mu mashure, ruriko ruritegurira gusozera umwaka w'ivyigwa, kandi amashure amw'amwe akaba ariko akora vya bibazo vya Leta biruha uburengazira bw'ukujabuka mu mashure yisumbuye n'ayakami nuza. 
2. Twebwe Abepiskopi b'Ekleziya gatolika, twaheruka gushikiriza ijambo ryerekeye ukwitegurira amatora dushashaye amahoro. Burya aho twahanura yuko < lbwirizwa Shingiro dufise ryosomwa mu ntumbero y'Amasezerano y'i Arusha rikomokako >>, nta kindi twipfuza, atari uko igihugu coja mu matora gitekanye, kandi kikayarangura yose kidahungabanye mu ngendo nziza carimwo, yo kwubahana mu budasa bwa beneco, n'ugusangira amabanga y'ubutegetsi n'itunga, ata gukumirana. lvyo ni vyo vyotumye dutera intambwe iboneka mu mugambi watanguranye n'ayo Masezerano yti Arusha, wo kuremesha amahoro n'ugusubiza hamwe.
3. None ehe raba, kuva aho umugambwe uri ku butegetsi umenyeshereje ko ugenye umukuru w'igihugu ahari, kuzosubira kwitoza ku rwego rw'umukuru w'igihugu, abari bahoze bahiga ko bazogwanya mu myiyerekano ico kiringo ca gatatu gihonyanga Amasezerano y'i Arusha n'lbwirizwa shingiro, baciye biha amabarabara. Ubu rero turi mu ruhagarara, cane cane mu gisagara ca Bujumbura, aho mu mishamiranir y'abari mu myiyerekano n'abashinzwe umutekano, hariho abamaze gupfungwa, abatari bake bagakomereka, hari mbere n'abamaze kuhasiga ubuzima.
Urwo ruhagarara nyene rwatumye imirimo imw'imwe itagikorwa,n'urwaruka mu gisagara rutaciga. Vyongeye, hari abantu batari bake bamaze guhunga igihugu cabo, abandi bakarara baraturatura. Hari n'abatari bake muyaze, wumva ko batekewe n'ubwoba, bw'uko intambara yenyuje ishobora gusutama. Ni na vyo mbere bituma abantu babandanya bahungira'hanze, urwaruka na rwo, cane cane rwo mu mashure afise indaro, rukaguma rugomba kwitahira imuhira.
4. Nta muntu rero akunda iki gihugu, cane cane ari umutware canke umunyepolitike, yofata ibintu minenegwe ngo ni ibisanzwe, canke ngo yigire sindabibazwa. Twebwe Abungere b'Ekleziya, mu bihe nk'ibi, naho bamwe bibagora guca bumva impanuro dutanga, bamwe mbere mu ntumbero y'uguharanira ubutegetsi bwabo bakiyumvira ko twoba turi abakeba babo, wahindutse abakeba babo, twama twumva muri twebwe rya jwi ry'lmana ryabarira Ezekiyeli riti: Mwana w'umuntu, genda usemerere, « bakwumviriza canke bareka (…) bazomenya ko hari umuhanuzi muri bo » (raba Ezekiyeli 2,5).
Mu guhanura, ntituraba ngo ni aba bari ku butegetsi, canke bariya baburondera, dutumbera nyabuna ico tubona cokiza Uburundi n'Abarundi, tugatumbera kugwanira ineza ya bose, twishimikije ukwemera kwacu be n'lnyigisho nyene yerekeye indinganizo y'imibano n'ubutegetsi bw'ibihugu, kuko Ekleziya gatolika yacu iyifise. Ni co gituma n'uyu munsi twagira dusubire guhanura, duhereye ku vyo tugezemwo.
5. Turasavye dushimitse ngo abantu bose bayoboke inzira y'amatora, ku buryo tutabura inzego ziyobora iki gihugu zitorewe kandi zemewe n'abenegihugu. Ababishinzwe rero bose ni bakore ku buryo amatora aba, kandi abe abantu batekanye, mu mwidegemvyo w'abitoza n'abatora, abahiganwa bashoboye bose gushikiriza neza imigambi yabo uko bashaka, n'ukwiyamamaza mu buryo bwisanzuye. Muri iyo ntumbero, ababishinzwe nibafashe habe umutekano ukwiye mu gihugu, kugira ngo abahunze bafise ubwoba buhere, bagaruke, imirimo isubire gukorwa hose, urwaruka rwataye amashure rusubire ku kivi, urukurukuru rw'uko hari ibirwanisho vyahawe unryaruka rw'imigambwe barutohoze neza, basanze ari vyo babibake bose badatoranije, kugira ngo abantu baze batore uwo bashimye imigambi, ata gitsure c'ugutinya ibigwanisho.
6. Nidusubire tuyoboke inzira y'ukuja inama n'ingingo. Tuve muri aya mayira y'ukunyinyana, y'ukwishimikiza ingimba, y'akaruta akandi kakamira. lnzira yatwereye ni iy'uko abantu bafise ico batumva kumwe canke mbere ico bapfa, bicara hamwe, bakaja inama n'ingingo. Ni yo nzira twaciyemwo ngo haboneke amasezerano y'i Arusha. Kandi murabona ko ari yo yari yaduhaye kumara imyaka cumi turi mu nzira y'amahoro n'ugusubiza hamwe. Turashima ko abategetsi bacu, babandanya bemeza ko iyo nzira ari yo bashira imbere.
Kandi mu myaka iheze, twarabonye ko yagize ico ifasha, nko mu kwumvikana kw'ltegeko rigenga aya matora twimirije no mu gushiraho rwa Rupapuro rw'inzira rw'abanyepolitike. Basokuru bacu barayamaze ngo: inzira nziza woyicamwo kabiri. N'ubu rero, aho kubandanya banyinyana, na cane cane hari abariko barahasiga ubuzima, abatuyoboye n'abanyepolitike bose nibatumbere iyo nzira y'ukuja inama n'ingingo.
7. lkindi dusavye abategetsi n'ababurondera, ni uko bokwigenza nk'Abarundi b'iteka, kandi bakunda igihugu. Erega ubutegetsi, ni ibanga rikomeye ry'ugutunganiriza bose. Lryo banga ribasaba kuza baramenya kurengera inyungu zabo n'iz'ababo gusa. Burya uwugomba gutwara neza, yemera kuba nk'umuvyeyi wa bose mu gihugu. Umuvyeyi mwiza nawe ni wa wundi ashobora n'ukwiyima ico yari afitiye uburenganzira, iyo abona ko ari rwo rukiza ku rugo rwiwe. None hari umuvyeyi akunda umuryango wiwe, yokwubahuka kwihambirira ku nyungu ziwe abona ko urugo nruiwe ruca rwononekara?
lbanga ry'abanyepolitike ni ibanga ry'iteka, ni ibanga ry'ubuvyeyi, risaba ukwiheba n'ukwihebera bose utaravye gusa abakwiyumvamwo, kuko bose baca baba nk'abawe. Mbere ku bw'iryo banga n'imvugo yabo n'inyifato yabo vyoba nyene ibibereye abantu b'iteka n'icubahiro. lvyo bovyitwararika iminsi yose, ariko na cane cane mu myiyamamazo, bakirinda imvugo y'ugutukana, y'ugurtyozanya, canke icanishamwo abantu.
8. lbimenyeshamakuru birafise akamaro gahambaye mu gutsimbataza intwaro rusangi. Uko biba vyinshi, ni ko biha akaryo abenegihugu ko guserura iryo bagona n'ugushobora kumenya ibiba hirya no hino. Nko muvy'amatora na vyo, abenegihugu bakamenya imigambi ya bose, kugira bashobore guhitamwo neza. Ni vyiza rero ko bigumana uburenganzira bwavyo bw'ugukora, bikurikije amategeko y'ukumenyesha amakuru be n'ingendo kimwe kimwe cose ciyemeje gushira imbere. lyo hari ikimenyeshamakuru cugawe, abanyagihugu barahahombera, hagaca hagwira ibihuha.
9. Twagira kandi duhanure ku buryo budasanzwe urwaruka rwacu. Rwaruka, nimwibuke ko muriko muritegurira kazoza, mwirinde kuba ibikoresho vy'ababakwegera mu nzira zidatunganye, canke zotuma mubura intango nziza ibategurira kazozakeza. Ntimwiteshe ishure canke ngo musibe ivyigwa bibashikana ku bumenyi, buzotuma muhiganira ibibanza vy'ugutera intambwe mu mayira atandukanye y'ubuzima. Abari mu mihari yegamiye imigambwe namwe, nimumenye ko, mutirinze gukora ibara, ngo ni uko mushigikiwe, muzoteba mubibazwa. Nimwitonde rero, mwakire iyi mpanuro tubahaye be n'izindi zose muhabwa n'ababakunda, babipfuriza ineza.
10.Ku vyerekeye amahure yanyu nyene, na cane cane isango ry'ugukora ikibazo c'igihugu giha uburenganzira bamwe muri mwebwe bw'ukuja mu mashure yisumbuye, ico twobasabira ababijejwe ni uko babona bigishoboka, iryo sango ryokwigizwa inyuma, kuko vyodutera agahinda ko hokoreshwa ikibazo nk'ico, mu gihe hariho impunzi zitari nke ziri hanze y'igihugu, abana i Bujumbura henshi bakaba bataciga, mu gihugu na ho bamwe bakaba barara badatekanye.
11. Ku bakristu na bo dusangiye ukwemera, dusozereye iri tangazo tubatumirira n'ubu kubandanya gusaba Yezu-Kristu Umwami w'amahoro ngo ayaronse igihugu cacu. Murazi ko turi mu kwezi kwa gatanu gusanzwe guhariwe ukwambaza Umuvyeyi Bikira Mariya. Hejuru ya vyose, nitumusabe atubere mu ngoro kuri uyo Mwana wiwe, kugira ngo atugabire amahoro arama.
 
Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 05 Rusama 2015.
Abungere banyu:
1) Gerevazi BANSHIMIYUBUSA
Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ngozi akaba n'Umukuru w'lnama y'Abepiskopi Gatolika b'i Burundi
2) Evariste NGOYAGOYE
Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura akaba n'lcegera c'Umukuru w'lnama y'Abepiskopi Gatolika b'i Burundi
3) Simoni NTAMWANA
Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega
4) Yohakimu NTAHONDEREYE
Umwepiskopi wa Diyoseze ya Muyinga
5) Venansi BACINONI
Umwepiskopiwa Diyoseze ya Bururi
6) Bonaventura NAHIMANA
Umwepiskopi wa Diyoseze ya Rutana
7) Buraziyo NZEYIMANA
Umwepiskopiwa Diyoseze ya Ruyigi
8) Joriji BIZIMANA
Umwepiskopi Samuragwa wa Diyoseze ya Bub
 
Catégories: Amakuru
 

__._,_.___

Posted by: Alfred Nganzo <alfrednganzo@yahoo.com>
Reply via web post Reply to sender Reply to group Start a New Topic Messages in this topic (1)
-------------------------------------------------------------------___________________________________________________
-Ce dont jai le plus peur, cest des gens qui croient que, du jour  au lendemain, on peut prendre une société, lui tordre le cou et en faire une autre.
-The hate of men will pass, and dictators die, and the power they took from the people will return to the people. And so long as men die, liberty will never perish.
-I have loved justice and hated iniquity: therefore I die in exile.
-The price good men pay for indifference to public affairs is to be ruled by evil men.
=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=--=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-
-To post a message: amakurunamateka@yahoogroups.com; .To join: amakurunamateka-subscribe@yahoogroups.com; -To unsubscribe from this group,send an email to:
amakurunamateka-unsubscribe@yahoogroups.com
_____________________________________________________
-More news:  http://www.amakurunamateka.com

https://www.facebook.com/amakurunamateka

https://www.facebook.com/musabeforum
--------------------------------------------------------------------------------------
-SVP, considérer  environnement   avant toute  impression de  cet e-mail ou les pièces jointes.
======
-Please consider the environment before printing this email or any attachments.
--------------------------------------------------------------------------------------

.

__,_._,___

No comments:

Post a Comment

Note: only a member of this blog may post a comment.

“Uwigize agatebo ayora ivi”. Ubutegetsi bukugira agatebo ukariyora uko bukeye n’uko bwije.

"Ce dont j’ai le plus peur, c’est des gens qui croient que, du jour au lendemain, on peut prendre une société, lui tordre le cou et en faire une autre."

“The price good men pay for indifference to public affairs is to be ruled by evil men.”

“The hate of men will pass, and dictators die, and the power they took from the people will return to the people. And so long as men die, liberty will never perish.”

“I have loved justice and hated iniquity: therefore I die in exile."

KOMEZA USOME AMAKURU N'IBITEKEREZO BYA VUBA BYAGUCITSE:

RECOMMENCE

RECOMMENCE

1.Kumenya Amakuru n’amateka atabogamye ndetse n’Ibishobora Kukugiraho Ingaruka ni Uburenganzira Bwawe.

2.Kwisanzura mu Gutanga Ibitekerezo, Kurwanya Ubusumbane, Akarengane n’Ibindi Byose Bikubangamiye ni Uburenganzira Bwawe.