Pages

Sunday 31 January 2021

Rwanda Forum Amerika Irasaba Eritreya Gukura Ingabo Zayo muri Etiyopiya

Amerika Irasaba Eritreya Gukura Ingabo Zayo muri Etiyopiya
27-01-2021
Leta ya Amerika itangaza ko inteko z'igihugu ca Eritreya zitegerezwa kuva mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya bidatevye.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika yamenyesheje mw'ijoro ryo ku musi wa kabiri ko hari amakuru yizigiwe avuga ko inteko za Eritereya ziriko zirasahura, zifata abapfasoni n'abigeme ku nguvu, zongera zikora ibitero ku makambi y'impunzi hamwe n'irindi tyozwa ry'agateka ka muntu mu ntara ya Tigre.

Uwo muvugizi amenyesha kandi ko hari ivyemezo ko abasirikare ba Eritereya bariko batahukana ku nguvu abanyagihugu babo bahungiye muri iyo ntara.

Ivyatangajwe n'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika vyerekana ko reta nshasha ya Prezida Joe Biden iriko iraremera reta ya Etiyopiya hamwe n'abandi bariko barwana mu ntara ya Tigre.

Itororokanirizo ry'amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ryatangaje amakuru rivuga ko yatanzwe n'ivyabona mu ntara ya Tigre, bivuga ukuntu abasirikare ba Eritreya basahuye, baja ku nzu ku yindi bica abakiri bato b'igitsina gabo, bakigenza nk'abategetsi bo muri iyo ntara.

Inteko za Eritreya zarwanye ku ruhande rw'inteko za Leta ya Etiyopiya mu gihe zariko zikwirikirana abayobozi b'intara ya Tigre. Yamara Leta ya Etiyopiya ivuga ko ata nteko za Eritreya ziri ku butaka abwayo.

Itangazo rya Leta nshasha ya Amerika risaba ko haba itohoza ryigenga kandi ribaye mu muco ku mabi yagirizwa inteko za Eritreya mu ntara ya Tigre.

Ntaco ibiro vy'umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, vyishuye buno nyene ku vyatangajwe na Leta ya Amerika. N'abategetsi ba Reta ya Eritreya ntaco bishuye buno nyene.
Abatabizi bicwa no kutabimenya.

Nikozitambirwa
31.01.2021

No comments:

Post a Comment

Note: only a member of this blog may post a comment.

“Uwigize agatebo ayora ivi”. Ubutegetsi bukugira agatebo ukariyora uko bukeye n’uko bwije.

"Ce dont j’ai le plus peur, c’est des gens qui croient que, du jour au lendemain, on peut prendre une société, lui tordre le cou et en faire une autre."

“The price good men pay for indifference to public affairs is to be ruled by evil men.”

“The hate of men will pass, and dictators die, and the power they took from the people will return to the people. And so long as men die, liberty will never perish.”

“I have loved justice and hated iniquity: therefore I die in exile."

KOMEZA USOME AMAKURU N'IBITEKEREZO BYA VUBA BYAGUCITSE:

RECOMMENCE

RECOMMENCE

1.Kumenya Amakuru n’amateka atabogamye ndetse n’Ibishobora Kukugiraho Ingaruka ni Uburenganzira Bwawe.

2.Kwisanzura mu Gutanga Ibitekerezo, Kurwanya Ubusumbane, Akarengane n’Ibindi Byose Bikubangamiye ni Uburenganzira Bwawe.