Pages

Thursday 20 June 2013

Amerika, n’Aba Talibani, Bazogirana Ibiganiro, Amaso mu Yandi, Ejo ku Musi wa Kane


Amerika, n'Aba Talibani, Bazogirana Ibiganiro, Amaso mu Yandi, Ejo ku Musi wa Kane

Umutegetsi mukuru agira kabiri mu bayobozi mu vya gisirikare b'Aba Talibani, Waliur Rehman

Umutegetsi mukuru agira kabiri mu bayobozi mu vya gisirikare b'Aba Talibani, Waliur Rehman

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziriteguriye kwugurura ibiganiro icese, n'Aba Talibani, mu mpera z'iyi ndwi, mu mugambi w'ugushiraho uburyo bw'uguhagarika ingwano, imaze igihe kirenga imyaka cumi, mu gihugu ca Afghanistani.

Abategetsi ba Reta ya Amerika, batangaje kw'ivyo biganiro bizotangura, ejo ku musi wa kane, mu gisagara ca Doha, muri Emirat ya Qatar.

Vyitezwe kw'abategetsi bakomeye ba Departement ya Reta ya Amerika, n'abategetsi bakomeye bo mu biro kwa prezida wa Amerika babonana, n'abaserukira Aba Talibani, muvyo abategetsi bavuga kw'ari ibiganiro vy'intangamarara.

Ivyerekeye ivyo biganiro vyasohotse, mu gihe abategetsi bajejwe kwivuna abansi ba Amerika, bemeje kw'abasirikare bane b'Abanyamerika bane bishwe, ejo ku musi wa kabiri, mu kibanza c'igisirikare kirwanira mu kirere, ca Amerika ca Bagram, mu buraruko bw'umurwa mukuru wa Afghanistani, Kabul.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, ari mu nama y'abategetsi b'ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw'isi, mu vyerekeye ubutunzi, muri Irlande yo mu buraruko, yavuze kw'ivyo biganiro n'Aba Talibani ari intambwe ya mbere, akaba yaragabishije ko yiteze ko hazoba intambamyi zitari nke, muri ivyo biganiro.

Ntivyitezwe ko Reta ya Prezida w'igihugu ca Afghanistani, Hamid Karzai, ija mu ncuro yo mu ntango y'ibiganiro vyo mu gisagara ca Doha.

Yamara abategetsi batangajeko vyitezwe kw'ibiganiro, vy'ejo ku musi wa kane, bishikana ku nama, hagati y'Aba Taliban,i n'abagize urwego rw'amahoro, rwashizweho na prezida w'igihugu ca Afghanistani.

Gushika ubu, Aba Talibani, baranse kuvugana icese na Reta ya prezida Karzai.

No comments:

Post a Comment

Note: only a member of this blog may post a comment.

“Uwigize agatebo ayora ivi”. Ubutegetsi bukugira agatebo ukariyora uko bukeye n’uko bwije.

"Ce dont j’ai le plus peur, c’est des gens qui croient que, du jour au lendemain, on peut prendre une société, lui tordre le cou et en faire une autre."

“The price good men pay for indifference to public affairs is to be ruled by evil men.”

“The hate of men will pass, and dictators die, and the power they took from the people will return to the people. And so long as men die, liberty will never perish.”

“I have loved justice and hated iniquity: therefore I die in exile."

KOMEZA USOME AMAKURU N'IBITEKEREZO BYA VUBA BYAGUCITSE:

RECOMMENCE

RECOMMENCE

1.Kumenya Amakuru n’amateka atabogamye ndetse n’Ibishobora Kukugiraho Ingaruka ni Uburenganzira Bwawe.

2.Kwisanzura mu Gutanga Ibitekerezo, Kurwanya Ubusumbane, Akarengane n’Ibindi Byose Bikubangamiye ni Uburenganzira Bwawe.